Abana b'abahungu ba Violette Uwamahoro bandikiye Prezida Paul Kagame bamusaba ngo arekure nyina wabo apfunzwe
Image captionAbana b’abahungu ba Violette Uwamahoro bandikiye Prezida Paul Kagame bamusaba ngo arekure nyina wabo apfunzwe

Abana b’abahungu bakiri bato, mama wabo ari mw’ibohero, bandikiye Prezida Kagame bamusaba ngo amupfungure.

Violette Uwamahora aba Leeds mu Bwongereza, yafashwe ku munsi wa “Valentine” yagiye mu Rwanda mu maziko.

Uwo mugore akorera mu gisata c’urwaruka, amaze amezi atanu yibugenze, yagirizwa kuba yarasohoye amabanga y’igihugu hamwe no gushinga imirwi yitwaje ibigwanisho igwanya ubutegetsi.

Umugabo wiwe, Faustin Rukundo, avuga ko umugore wiwe akurikiranwa kubera ivyo akora ku bijanye na politike.

Faustin Rukundo ari mu murwi utavuga rumwe n’ubutegetsi “Rwandan National Congress.”

Abo bahungu bavuga ko bamukumbuye kandi ko bamurungikiye ikarata
Image captionAbo bahungu bavuga ko bamukumbuye kandi ko bamurungikiye ikarata “carte postale” yo kumwipfuriza umunsi mwiza wahariwe abavyeyi

Abana b’umupfasoni Uwamahoro, Samuel w’imyaka umunani, David w’imyaka 10, bandikiye umushikiranganji wa mbere Theresa May, na Prezida w’u Rwanda, Paul Kagame, bipfuza gufasha mama wabo.

Avugira ku rugo rwiwe i Leeds, umugabo wiwe, umusuzumyi wo muri “Laboratoire”, yavuze ati: “Ndemeza ko yafashwe kubera jewe-igihano cari kigenewe jewe.”

Yavuze ko umugore wiwe ata bikogwa vya politike yigeze ajamwo muri kahise. Uwamahoro yarahakanye ivyo yagirijwe.

Bivugwa ko Prezida Paul Kagame yitwaza rimwe na rimwe amategeko ya jenoside ngo agwanye abatavuga rumwe naweUwufise ububasha kw’isanamuGETTY IMAGES
Image captionBivugwa ko Prezida Paul Kagame yitwaza rimwe na rimwe amategeko ya jenoside ngo agwanye abatavuga rumwe nawe

Bwana Rukundo asaba ubutegetsi bw’igihugu c’Ubwongereza ngo buhaguruke atinya ko urubanza rumurindiriye rutazisunga ukuri.

Umuvugizi wo mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubwongereza n’amakungu yagize ati: “Turiko turafasha umugore w’umwongereza n’umuryango inyuma yaho afatiwe mu Rwanda. Abakozi bacu b’i Kigali bariko baravugana n’ubutegetsi bwaho.”

https://i0.wp.com/inyenyerinews.info/wp-content/uploads/2017/03/rukundo.jpg?fit=624%2C351&ssl=1https://i0.wp.com/inyenyerinews.info/wp-content/uploads/2017/03/rukundo.jpg?resize=140%2C140&ssl=1Placide KayitareAFRICAPOLITICSImage captionAbana b'abahungu ba Violette Uwamahoro bandikiye Prezida Paul Kagame bamusaba ngo arekure nyina wabo apfunzwe Abana b'abahungu bakiri bato, mama wabo ari mw'ibohero, bandikiye Prezida Kagame bamusaba ngo amupfungure. Violette Uwamahora aba Leeds mu Bwongereza, yafashwe ku munsi wa 'Valentine' yagiye mu Rwanda mu maziko. Uwo mugore akorera mu gisata c'urwaruka,...PUBLISHING YOUR NEWS WITH CUTTING EDGE STYLE