Bwana Hussein Radjabu wahoze ari umuntu ukomeye mu ishyaka riri ku butegetsi, CNDD-FDD, kuri ubu akaba ari mu buhungiro nyuma yo gutoroka gereza yari afungiyemo nyuma yo kugirana ubwumvikane buke n’ubutegetsi bwa perezida Nkurunziza, yagize icyo atangaza nyuma y’urupfu rwa Gen. Adolphe Nshimirimana banabanye igihe kinini muri CNDD, aho mu itangazo yashyize ahagaragara yihanganishije umuryango we ndetse anashimira perezida Nkurunziza uko yitwaye muri iki kibazo ariko anamwibutsa ko ibiri kubera mu Burundi byose ari we nyirabayazana.

Dore uko iryo tangazo rimeze mu Kirundi ntacyo duhinduyeho

Ka munyagihugu yagendanye n’umuhisi Adolphe Nshimirimana uburundi bwabuze mu gatondo ko kuri uyu wa 2 Myandagaro 2015 agandaguwe n’abantu bitwaje ibigwanisho , dufashe aka kanya ko guhoza umuryango wiwe ,abamuzi bose ku rugamba ,inzego z’umutekano z’igihugu hamwe n’abarundi bose .

Turaremesheje umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza twongera tumushimira kuba yahojeje abarundi ku bijanye n’urwo rupfu .N’ibintu abarundi tutari tumenyereye kuko igihugu c’uburundi camye kibura intwari ziri ku kivi haba mu gihugu canke iyo zaroye kugarura umutekano hanze y’igihugu. Petero Nkurunziza areretse abarundi ingendo ibereye bataziga .Biraboneka ko iyo ataba asigaje imisi mike ngo ikiringo ciwe ca kabiri kirangire ,canke yaba yari arekuriwe gutwara ikiringo ca 3 yohindutse ko buryo ingeso yo kuba sindabibazwa ku maraso y’abarundi aseseka uko bukeye uko bwije , yoyikize maze abarundi akama abaremesha nk’uko yabikoze uno musi.Nayo ku butwari bwa Liyetena Jenerale Adolphe Nshimirana twisunze ivyashikirijwe na Petero Nkurunziza mw’ijambo ryiwe ryo guhoza abarundi turamushimiye .Turazi ndetse ko mu 2012 Adolphe Nshimirimana ari mu barundi bake umukuru w’igihugu yambitse umudari w’intwari zaranze Uburundi mu myaka 50 bwari bumaze bwikukiye.

Adolphe Nshimirimana hari abarundi batari bake bari bamufitiye ishavu bamukeka canke bamuremeka ko ibijanye n’akajagari kazingamitse uburundi. Abo bomenya ko ta butungane burakora kandi ko atawuramusheza. Adolphe Nshimirimana yakorera uburundi nabwo bukaka buramutswa Petero Nkurunziza.Uno, yashimye ingendo y’iyo ncuti twabuze ndetse asaba abarundi kuyigana. Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza Petero Nkurunziza aha twomwibutsa ko abarundi barazwa ishinga n’ingendo yiwe cane cane kuko Adolphe Nshimirimana we atigeze atwara uburundi.

Ahanje ,ivyiza Adolphe Nshimirimana yakoze abarundi tubikesha shebuja nyene kumutuma. Dusavye Petero Nkurunziza gutera iteka Adolphe Nshimirimana mu guyezurira abarundi ,akagarukana umwuka mwiza mu gihugu wasinzikaye kuwa 25/4/2015 (aho yigena ngo aze yitoze ku nguvu ,mu kwiyamamariza gutwara ikiringo ca 3 ) ,kandi wari usanzwe ugoyagoya. Arakwiye guheba aga ko kwitwararika gusa inyungu ziwe , maze abarundi bakava mu marushwa barimwo, n’aka kajagari kaguma gatuma amaraso y’abarundi aseseka.

Imana imwakire ,ihe agaciro ivyo vyiza Petero Nkurunziza yashingiye intahe.

Honorable Hussein Radjabu.

Imirasire.com

Placide KayitareAFRICADEMOCRACY & FREEDOMSJUSTICE AND RECONCILIATIONPOLITICSBwana Hussein Radjabu wahoze ari umuntu ukomeye mu ishyaka riri ku butegetsi, CNDD-FDD, kuri ubu akaba ari mu buhungiro nyuma yo gutoroka gereza yari afungiyemo nyuma yo kugirana ubwumvikane buke n’ubutegetsi bwa perezida Nkurunziza, yagize icyo atangaza nyuma y’urupfu rwa Gen. Adolphe Nshimirimana banabanye igihe kinini muri CNDD, aho...PUBLISHING YOUR NEWS WITH CUTTING EDGE STYLE