Abantu 22 baguye mu gitero c’umwihevyi mu Bwongereza
Abantu 22 barimwo n’abana bishwe abandi 59 barakomereka mu gitero c’umwihevyi mu kigo Manchester Arena mu gihugu c’Ubwongereza.
Uwo mwiyahuzi yiturikije mu bwinjiriro isaha 22:35 zo mu Bwongereza ku munsi wa mbere, hari igiteramo c’umuririmvyi w’umunyamerika Ariana Grande.
Igipolisi kivuga ko uwo mugabo yateye ari wenyene, yapfiriye muri ico gitero, yaturikije igisasu.
Imiryango iriko irarungika ubutumwa ku mbuga hwaniro irondera ababo, inomero yo kubarizako 01618569400 ikaba yategekanijwe.
Imodoka zitwara abagwayi 60 nizo ziri mu kibanza iryo bara ryabereye, abakomeretse bakaba bariko baravurigwa mu bitaro biri hafi yaho.
Umupolisi Ian Hopkins yagize ati ni “ibara riteye ubwoba” rishikiye Greater Manchester.
Yavuze ko hagiye kunyarutswa itohoza ryo kumenya ko uwateye yabikoze ku giti ciwe, canke ko yari mu mugwi w’abandi benshi.
https://inyenyerinews.info/justice-and-reconciliation/abantu-22-baguye-mu-gitero-cumwihevyi-mu-bwongereza/https://i0.wp.com/inyenyerinews.info/wp-content/uploads/2017/05/manchester-gahuza.jpg?fit=660%2C371&ssl=1https://i0.wp.com/inyenyerinews.info/wp-content/uploads/2017/05/manchester-gahuza.jpg?resize=140%2C140&ssl=1JUSTICE AND RECONCILIATIONPOLITICSUwufise ububasha kw’isanamuPETER BYRNEImage captionAbatabazi bariko baravura abakomeretse Abantu 22 barimwo n'abana bishwe abandi 59 barakomereka mu gitero c'umwihevyi mu kigo Manchester Arena mu gihugu c'Ubwongereza. Uwo mwiyahuzi yiturikije mu bwinjiriro isaha 22:35 zo mu Bwongereza ku munsi wa mbere, hari igiteramo c'umuririmvyi w'umunyamerika Ariana Grande. Igipolisi kivuga ko uwo mugabo yateye...Placide KayitareNoble Mararakayitare@gmail.comAdministratorINYENYERI NEWS