Obama na Clinton basuwuzanya

Bwana Obama, ibi yabivuze mw’ijambo yatanze mu nama yama iba buri mwaka ya “Clinton Global Initiatives”.

Iyo nama ihuza abarongozi n’izindi mboneza ziturutse hirya no hino kw’isi, mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo bihanze isi kurusha ibindi, no kuwushira mu ngiro.

Muri iryo jambo ryiwe, perezida Obama yagarutse ku bikorwa vy’abaharanira uburenganzira bw’abanyagihugu mu mashirahamwe ya “Societe civile”, aho yavuze ko bakwiye gushigikirwa.

Gushigikira societe civile rero, avuga ko atari igikirwa co kuzuza inshingano z’ivyo Amerika yemera nka demokarasi n’agateka kazina muntu gusa, ahubwo ngo ni no ku nyungu z’umutekano w’igihugu.

Yasobanuye ko aho uburenganzira bw’abanyagihugu buhungabanijwe, havyuka umwikomo no kuremerwa n’akarenganyo, navyo vyakura bikavyara guhungabanya umutekano n’iterabwoba.

Bwana Obama yakeje abitangiye kubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu hirya no hino kw’isi.

Pierre Claver Nzabonimpa

Yavuze kandi ko yifatanije n’abapfunzwe babizira muri kino gihe, adonda amazina ya bamwe, harimwo na Pierre Claver Mbonimpa wo mu Burundi.

Yavuze ko abo bantu bakwiye kurekurwa.

Yavuze ko igitugu gikandamiza amashirahamwe ya Societe Civile gitera ciyongera, ari isekeza ryo gusubiza inyuma demokarasi.

Bwana Obama avuga ko igikenewe ubu ari kongera inguvu ahubwo mu gukingira iyo demokarasi.

Ngo ni nayo mpamvu ubutegetsi arongoye bwihaye igikorwa co gukingira societe civile mu bihugu zitubahirizwa.

Source: bbc