Umunyezamu akorera ku cambu ca Dagaza, hafi y’ahahambwe ibiziga bine vyagaragaye mu kiyaga Rweru mu kwezi guheze, yabwiye BBC ko yabonye abantu baje n’ubwato bubiri bufise imoteri.

Ngo yagerageje guhamagara abari muri ubwo bwato ntibamwishura, niko kuca arya akara umukuru w’icambu, hari nk’isaha indwi z’ijoro.

Uwo munyezamu avuga ko abo bantu babonye abasirikare b’Uburundi barwanira mu mazi b’Inzove, berekeje iyo bari, baca bafata ubwato bajemwo basubira inyuma.

Muri ico kibanza kirimwo imva bahataye ibikoresho birimwo, ishitingi, umuringoti n’umuhini.

Abo bantu ngo bageze ahitwa ku Mwugo aho uruzi Akagera rumenera kuri Rweru, baca batsa imoteri, nayo abasirikare bo muri “Marines” Inzove bakomeza kubakurkira.

Biragoye kumenya iyo abaje gushaka kuzura ivyo biziga bazananye.

Ico bikoze ariko, abarovyi bakorera aho ku kiyaga Rweru bemeza ko baheruka kubona umuntu yaje aturuka mu Kirundo, yafashe amafoto y’aho ivyo biziga vyahambwe, n’aho ibirindiro vy’abasirikare b’iBurundi biri.

Uwo muntu mu nyuma ngo yaciye afata ubwato bwamujabukanye hakurya mu Rwanda, nk’uko abamutwaye bavyiganiye umunyamakuru wa BBC, Cyriaque Muhawenayo.

Ku kibazo c’uko hoba hari amatohoza yo kumenya abashaka ivyo biziga, ntibiramenyekana ko hari amatohoza arakorwa.

Ariko hari ingingo zaciye zifatwa uno munsi, harimwo gushira ikirindiro c’igisirikare iDagaza, ahari imva zashinguwemwo ibiziga bine vyatowe aho mu Rweru.

Hashinzwe kandi itegeko ko ata muntu n’umwe asubira kwinjira mu mazi inyuma y’isaha 12 z’umugoroba.

Abategetsi bo mu ntara ya Muyinga barimwo Bulamatari w’intara, umukuru w’igipolisi w’intara, n’umukuru w’akarere ka kane gisirikare, biriwe muri ako gace.

Ibiziga vyatanguye kuboneka mu mezi aheze bireremba muri ico kiyaga Rweru gushika ubu akaba atawuramenya icese iyo vyazananye hagati y’uburundi n’Urwanda.

Ariko ku ruhande rw’Uburundi bavuga ko vyamanukanye uruzi Akagera rutemba ruva mu Rwanda.

Bine muri ivyo biziga vyahavuye bivanwa mu mazi n’abategetsi b’intara ya Muyinga mu Burundi birahambwa, ari navyo vyoba vyagira bizurwe.